ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 39:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Maze nya mugore amucakira impuzu+, avuga ati: “Ingo turyamane+!” Mugabo Yozefu amutana impuzu yiwe mu kuboko, arahunga, aja hanze+.

  • Imigani 7:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 kugira bikurinde umugore w’igihumbu+, bikurinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa+.

  • Imigani 22:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Akanwa k’abagore b’ibihumbu* ni icobo kirekire+. Uwo Yehova arungitseko imisibo azokigwamwo+.

  • Imigani 23:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuko umumaraya ari icobo kirekire+, kandi umugore w’umunyamahangakazi ni iriba ryaga.

  • 1 Abakorinto 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi+, canke abasenga ibigirwamana+, canke abarenga ibigo+, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa+, canke abagabo baryamana n’abagabo+,

  • 1 Abakorinto 6:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nimuhunge ubusambanyi+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe, mugabo uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika