Itanguriro 39:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Maze nya mugore amucakira impuzu+, avuga ati: “Ingo turyamane+!” Mugabo Yozefu amutana impuzu yiwe mu kuboko, arahunga, aja hanze+. Imigani 7:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 kugira bikurinde umugore w’igihumbu+, bikurinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa+. Imigani 22:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Akanwa k’abagore b’ibihumbu* ni icobo kirekire+. Uwo Yehova arungitseko imisibo azokigwamwo+. Imigani 23:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Kuko umumaraya ari icobo kirekire+, kandi umugore w’umunyamahangakazi ni iriba ryaga. 1 Abakorinto 6:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi+, canke abasenga ibigirwamana+, canke abarenga ibigo+, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa+, canke abagabo baryamana n’abagabo+, 1 Abakorinto 6:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nimuhunge ubusambanyi+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe, mugabo uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+.
12 Maze nya mugore amucakira impuzu+, avuga ati: “Ingo turyamane+!” Mugabo Yozefu amutana impuzu yiwe mu kuboko, arahunga, aja hanze+.
9 Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi+, canke abasenga ibigirwamana+, canke abarenga ibigo+, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa+, canke abagabo baryamana n’abagabo+,
18 Nimuhunge ubusambanyi+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe, mugabo uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+.