Gusubira mu vyagezwe 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 kandi uze uyashimangire mu mwana wawe+ wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye+, n’igihe uvyutse. Zaburi 34:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nimuze, bana, munyumvirize+;Ugutinya Yehova ni kwo nzobigisha+. Imigani 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Umviriza mwananje, indero ya so wawe+, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe+. Imigani 19:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Umviriza impanuro kandi wemere indero+, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe+. Abanyefeso 6:1 Bibiliya y’isi nshasha 6 Bana, mugamburukire abavyeyi banyu+ mu bumwe+ n’Umukama, kuko ivyo bigororotse+:
7 kandi uze uyashimangire mu mwana wawe+ wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye+, n’igihe uvyutse.