1 Samweli 25:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Ndakwinginze, umukama wanje ntashire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi+ Nabali, kuko nk’uko izina ryiwe riri, ari ko ari. Nabali* ni ryo zina ryiwe, nta bwenge agira+. Nayo jewe umushumbakazi wawe, sinabonye imisore y’umukama wanje watumye. Imigani 16:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Umuntu w’imburakimazi arimba ibibi+, kandi ku minwa yiwe ni nk’aho hari umuriro uturira+.
25 Ndakwinginze, umukama wanje ntashire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi+ Nabali, kuko nk’uko izina ryiwe riri, ari ko ari. Nabali* ni ryo zina ryiwe, nta bwenge agira+. Nayo jewe umushumbakazi wawe, sinabonye imisore y’umukama wanje watumye.