Itanguriro 20:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Mu nyuma Imana iza kuri Abimeleki mu ndoto mw’ijoro, imubwira iti: “Ehe urapfuye kubera umugore watwaye+, kuko ari umugore w’uwundi mugabo+.” 2 Samweli 11:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Inyuma y’ivyo, Dawidi atuma intumwa kumuzana+. Yinjira rero aho Dawidi ari+ maze Dawidi aryamana na we+, ico gihe uwo mugore akaba yariko yihumanura ubuhumane bwiwe+. Mu nyuma asubira ku nzu yiwe. Yeremiya 5:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Bacitse amafarasi ashaka kwimya, afise amatengatwa akomeye. Umwe wese yānāga inyuma y’umugore wa mugenziwe+. Ezekiyeli 22:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Umuntu yakoranye n’umugore wa mugenziwe ikintu giteye ishishi+, kandi umuntu yahumanishije ubushirasoni umukazana wiwe+; kandi muri wewe umuntu yatetereje mushikiwe, umukobwa wa se wiwe+.
3 Mu nyuma Imana iza kuri Abimeleki mu ndoto mw’ijoro, imubwira iti: “Ehe urapfuye kubera umugore watwaye+, kuko ari umugore w’uwundi mugabo+.”
4 Inyuma y’ivyo, Dawidi atuma intumwa kumuzana+. Yinjira rero aho Dawidi ari+ maze Dawidi aryamana na we+, ico gihe uwo mugore akaba yariko yihumanura ubuhumane bwiwe+. Mu nyuma asubira ku nzu yiwe.
8 Bacitse amafarasi ashaka kwimya, afise amatengatwa akomeye. Umwe wese yānāga inyuma y’umugore wa mugenziwe+.
11 Umuntu yakoranye n’umugore wa mugenziwe ikintu giteye ishishi+, kandi umuntu yahumanishije ubushirasoni umukazana wiwe+; kandi muri wewe umuntu yatetereje mushikiwe, umukobwa wa se wiwe+.