Imigani 4:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Niwironse ubukerebutsi+, wironse ugutegera+. Ntiwibagire, kandi ntukevye ngo uve ku majambo y’akanwa kanje+. Imigani 13:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi+, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako+. Imigani 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Tega ugutwi wumve amajambo y’abantu b’inkerebutsi+, kugira ngo ushire umutima wawe ku bumenyi bwanje+. Umusiguzi 7:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kwumva uguhambarirwa n’umuntu w’inkerebutsi+ biraruta kuba uwumva ururirimbo rw’ibijuju+. Matayo 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Mwinjirane mw’irembo ryaga+; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; Luka 13:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+,
5 Niwironse ubukerebutsi+, wironse ugutegera+. Ntiwibagire, kandi ntukevye ngo uve ku majambo y’akanwa kanje+.
20 Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi+, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako+.
17 Tega ugutwi wumve amajambo y’abantu b’inkerebutsi+, kugira ngo ushire umutima wawe ku bumenyi bwanje+.
13 “Mwinjirane mw’irembo ryaga+; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo;
24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+,