Zaburi 7:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ivyago vyiwe bizomusubira ku mutwe+,Kandi ubukazi bwiwe buzomanuka ku rutwariro rwiwe+. Imigani 1:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Kuko uguhemuka+ kw’abantu batazi utuntu n’utundi ari kwo kuzobica+, kandi ukwiyorohereza kw’ibijuju ni kwo kuzobirandura+. Umusiguzi 9:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ibi ni vyo birimwo ivyago mu vyakozwe munsi y’izuba vyose: kubera ko hari iherezo rimwe kuri bose+, umutima w’abana b’abantu wuzuye ibibi+; kandi hari ubusazi+ mu mutima wabo mu buzima bwabo bwose, inyuma yaho na ho—ni uguhamvya abapfuye+! Umusiguzi 10:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Uwimba icobo ubwiwe azokigwamwo+; kandi uwumena uruhome rw’amabuye, inzoka izomukomora+.
32 Kuko uguhemuka+ kw’abantu batazi utuntu n’utundi ari kwo kuzobica+, kandi ukwiyorohereza kw’ibijuju ni kwo kuzobirandura+.
3 Ibi ni vyo birimwo ivyago mu vyakozwe munsi y’izuba vyose: kubera ko hari iherezo rimwe kuri bose+, umutima w’abana b’abantu wuzuye ibibi+; kandi hari ubusazi+ mu mutima wabo mu buzima bwabo bwose, inyuma yaho na ho—ni uguhamvya abapfuye+!