Ivyakozwe 20:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze+ kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo+. 2 Abakorinto 11:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi b’abahendanyi+, bihindura intumwa za Kristu+. 2 Timoteyo 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Abo bantu nyene barataye ukuri+, bavuga ko izuka rimaze kuba+; kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe+. 2 Petero 2:1 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.
30 kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze+ kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo+.
13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi b’abahendanyi+, bihindura intumwa za Kristu+.
18 Abo bantu nyene barataye ukuri+, bavuga ko izuka rimaze kuba+; kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe+.
2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.