1 Abami 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Umwami Salomo aca arahira Yehova ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, Adoniya niyaba atavuze ico kintu ku bwo gushira mu kaga ubuzima bwiwe+. Zaburi 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Uzorandura abavuga ikinyoma+.Umuntu asesa amaraso+ kandi akoresha ubuhendanyi+ Yehova aramwanka urunuka. Umusiguzi 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ntiwemerere akanwa kawe gucumuza umubiri wawe+, eka ntunavuge imbere y’umumarayika+ yuko kwari ukwihenda+. Kubera iki Imana y’ukuri yorakara kubera ijwi ryawe, ikabwirizwa gusambura igikorwa c’amaboko yawe+? Daniyeli 6:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Nuko umwami atanga itegeko, bazana ba bagabo bari bareze Daniyeli+, batererwa muri nya cobo c’intambwe+, n’abana babo n’abagore babo+; bataranashika hasi muri nya cobo, intambwe zari zamaze kubifatira, zijanjagura n’amagufa yabo yose+.
23 Umwami Salomo aca arahira Yehova ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, Adoniya niyaba atavuze ico kintu ku bwo gushira mu kaga ubuzima bwiwe+.
6 Uzorandura abavuga ikinyoma+.Umuntu asesa amaraso+ kandi akoresha ubuhendanyi+ Yehova aramwanka urunuka.
6 Ntiwemerere akanwa kawe gucumuza umubiri wawe+, eka ntunavuge imbere y’umumarayika+ yuko kwari ukwihenda+. Kubera iki Imana y’ukuri yorakara kubera ijwi ryawe, ikabwirizwa gusambura igikorwa c’amaboko yawe+?
24 Nuko umwami atanga itegeko, bazana ba bagabo bari bareze Daniyeli+, batererwa muri nya cobo c’intambwe+, n’abana babo n’abagore babo+; bataranashika hasi muri nya cobo, intambwe zari zamaze kubifatira, zijanjagura n’amagufa yabo yose+.