Kuvayo 23:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+. Gusubira mu vyagezwe 16:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi. Imigani 29:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Biciye ku butungane umwami atuma igihugu kiragama+, mugabo umuntu ashashaye ibiturire aragisambura+. Yesaya 1:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.
8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.
19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi.
4 Biciye ku butungane umwami atuma igihugu kiragama+, mugabo umuntu ashashaye ibiturire aragisambura+.
23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.