Imigani 10:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Akanwa k’umugororotsi, kama icamwa c’ubukerebutsi+, ariko ururimi rugoramye ruzorandurwa+. Imigani 11:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Ivyamwa vy’umugororotsi ni igiti c’ubuzima+, kandi uwigarurira imitima ni inkerebutsi+. Matayo 15:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ariko ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima, kandi ivyo ni vyo bihumanya umuntu+. Abanyefeso 4:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva+. Yakobo 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena.
29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva+.
6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena.