Imigani 16:1 Bibiliya y’isi nshasha 16 Intondeko z’umutima ni iz’umuntu yakuwe mw’ivu+, mugabo inyishu y’ururimi iva kuri Yehova+. Umusiguzi 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amajambo y’akanwa k’umuntu w’inkerebutsi avamwo ubutoni+, mugabo iminwa y’ikijuju irakimira+. Yesaya 57:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “Ndema icamwa c’iminwa+. Hazoba amahoro abandanya ku wuri kure no ku wuri hafi+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzomukiza+.” Abaheburayo 13:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Biciye kuri we, twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo+, ni co camwa c’iminwa+ ishingira intahe icese izina ryayo+.
19 “Ndema icamwa c’iminwa+. Hazoba amahoro abandanya ku wuri kure no ku wuri hafi+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzomukiza+.”
15 Biciye kuri we, twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo+, ni co camwa c’iminwa+ ishingira intahe icese izina ryayo+.