1 Abami 4:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Yuda na Isirayeli bari benshi, mu bwinshi ari nk’udutete tw’umusenyi turi iruhande y’ikiyaga+; bararya, bakanywa bakanezerwa+. Umusiguzi 2:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame+. Ivyo na vyo nyene narabibonye, jewe ubwanje, yuko ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri+. Umusiguzi 3:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame+. Ni yo ngabirano y’Imana+. Umusiguzi 3:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi nabonye yuko ata kintu kiruta ko umuntu yonezerwa mu bikorwa vyiwe+, kuko uwo ari wo mugabane wiwe; kuko, ni nde azomuzana ngo arabe ibizoba mu nyuma ziwe+? Yesaya 65:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti+; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo+.
20 Yuda na Isirayeli bari benshi, mu bwinshi ari nk’udutete tw’umusenyi turi iruhande y’ikiyaga+; bararya, bakanywa bakanezerwa+.
24 Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame+. Ivyo na vyo nyene narabibonye, jewe ubwanje, yuko ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri+.
13 kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame+. Ni yo ngabirano y’Imana+.
22 Kandi nabonye yuko ata kintu kiruta ko umuntu yonezerwa mu bikorwa vyiwe+, kuko uwo ari wo mugabane wiwe; kuko, ni nde azomuzana ngo arabe ibizoba mu nyuma ziwe+?
22 Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti+; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo+.