ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Uwo mugore rero abona ko ico giti cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso, emwe, ico giti cari kiryoheye ijisho+. Nuko yakira ku vyamwa vyaco ararya. Inyuma y’aho, ahako n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya+.

  • Itanguriro 6:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye+, kuko ikiri n’umubiri cose cari cononye inzira yaco kw’isi+.

  • Itanguriro 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru+, twiheshe izina rurangiranwa+, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 32:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Ubwabo bikwegeye guhona+;

      Si abana bayo, ikosa ni rwabo+.

      Ni iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze+!

  • Yeremiya 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’

  • Mariko 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu.

  • Yakobo 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika