Itanguriro 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Uwo mugore rero abona ko ico giti cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso, emwe, ico giti cari kiryoheye ijisho+. Nuko yakira ku vyamwa vyaco ararya. Inyuma y’aho, ahako n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya+. Itanguriro 6:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye+, kuko ikiri n’umubiri cose cari cononye inzira yaco kw’isi+. Itanguriro 11:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru+, twiheshe izina rurangiranwa+, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi+.” Gusubira mu vyagezwe 32:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ubwabo bikwegeye guhona+;Si abana bayo, ikosa ni rwabo+.Ni iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze+! Yeremiya 2:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’ Mariko 7:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu. Yakobo 1:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite+.
6 Uwo mugore rero abona ko ico giti cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso, emwe, ico giti cari kiryoheye ijisho+. Nuko yakira ku vyamwa vyaco ararya. Inyuma y’aho, ahako n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya+.
12 Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye+, kuko ikiri n’umubiri cose cari cononye inzira yaco kw’isi+.
4 Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru+, twiheshe izina rurangiranwa+, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi+.”
13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’
9 Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu.