1 Abami 12:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Maze ababwira yisunze impanuro ya nya misore+, ati: “Dawe yatumye ingǒgo yanyu iba iyiremereye; mugabo jewe, nzokwongera ku ngǒgo yanyu. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe, nzobahanisha ibishishaguzo+.” Esiteri 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 Inyuma y’ivyo, Umwami Ahasuwerusi akuza Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amushira hejuru+ yongera ashira intebe yiwe hejuru y’abandi baganwa bose bari kumwe na we+. Imigani 28:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Iyo abagororotsi bigina+, haba ubwiza bugwiriye; mugabo iyo ababisha bahagurutse, umuntu ariyoberanya+. Umusiguzi 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Umwana akenye mugabo w’inkerebutsi+ araruta umwami ashaje mugabo w’ikijuju+ atakizi ko agikeneye kuburirwa+.
14 Maze ababwira yisunze impanuro ya nya misore+, ati: “Dawe yatumye ingǒgo yanyu iba iyiremereye; mugabo jewe, nzokwongera ku ngǒgo yanyu. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe, nzobahanisha ibishishaguzo+.”
3 Inyuma y’ivyo, Umwami Ahasuwerusi akuza Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amushira hejuru+ yongera ashira intebe yiwe hejuru y’abandi baganwa bose bari kumwe na we+.
12 Iyo abagororotsi bigina+, haba ubwiza bugwiriye; mugabo iyo ababisha bahagurutse, umuntu ariyoberanya+.
13 Umwana akenye mugabo w’inkerebutsi+ araruta umwami ashaje mugabo w’ikijuju+ atakizi ko agikeneye kuburirwa+.