18 Raba! Ikiruta ibindi jewe niboneye, kikaba ari ciza, ni uko umuntu yorya, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa c’ubutame ciwe cose+ akora agatama munsi y’izuba mu misi yose y’ubuzima bwiwe Imana y’ukuri yamuhaye, kuko uwo ari wo mugabane wiwe.
15 Nanje narakeje umunezero+, kuko ata co abantu bafise munsi y’izuba kiruta kurya no kunywa no kunezerwa, be n’uko bikwiye kubaherekeza mu gikorwa cabo c’ubutame mu misi y’ubuzima bwabo+ Imana y’ukuri yabahaye munsi y’izuba+.