Gusubira mu vyagezwe 28:49 Bibiliya y’isi nshasha 49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+, Yeremiya 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ehe azoduga nk’ibicu vy’imvura, kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’ikirura+. Amafarasi yiwe aranyaruka kurusha inkona+. Turagowe, kuko dusahuwe! Gucura intimba 4:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Abadukurikirana banyarutse kurusha inkona zo mu kirere+.Badukurikiranye ku misozi barakaye+. Batubundiye+ mu gahinga. Habakuki 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Amafarasi yaryo anyaruka kurusha ingwe, kandi arakaze kurusha amabingira yo ku mugoroba+. Amafarasi yaryo y’imbangutsi yadidaguye ibinono hasi, kandi amafarasi yaryo y’imbangutsi ava kure. Aguruka nk’inkona yihutira kurya ikintu+.
49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+,
13 Ehe azoduga nk’ibicu vy’imvura, kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’ikirura+. Amafarasi yiwe aranyaruka kurusha inkona+. Turagowe, kuko dusahuwe!
19 Abadukurikirana banyarutse kurusha inkona zo mu kirere+.Badukurikiranye ku misozi barakaye+. Batubundiye+ mu gahinga.
8 Amafarasi yaryo anyaruka kurusha ingwe, kandi arakaze kurusha amabingira yo ku mugoroba+. Amafarasi yaryo y’imbangutsi yadidaguye ibinono hasi, kandi amafarasi yaryo y’imbangutsi ava kure. Aguruka nk’inkona yihutira kurya ikintu+.