ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 7:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: ahantu hose hahora imizabibu igihumbi iciye ibice igihumbi vy’ifeza+, hazoba, emwe, hazoba ah’ibisaka vy’amahwa n’ah’ivyatsi bibi+.

  • Yeremiya 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “‘Ninimbura, nzobaherengeteza,’ ni ko Yehova avuze+. ‘Nta nzabibu zizoba zikiri ku muzabibu+, kandi nta nsukoni zizoba zikiri ku giti c’umusukoni, kandi urubabi ruzokabirana koko. Ibintu ndabaha bizobaca iruhande.’”

  • Gucura intimba 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Bagumye babwira ba nyina bati: “Intete n’umuvinyu biri hehe+?”

      Kuko bari baravye nk’uwiciwe mu bibanza vya bose vyo mu gisagara,

      Kuko ubuzima bwabo bwariko bucuranurirwa mu gikiriza ca ba nyina.

  • Hoseya 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nzohindura umusaka umuzabibu wiwe+ n’igiti c’umusukoni ciwe+, ivyo yavuze ati: “Ni ingabirano yanje, iyo abankunda urukundo rukaze bampaye”; nzobigira ikibira+, kandi ibikoko vyo mu gahinga bizobirotsa.

  • Zefaniya 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi ubutunzi bwabo buzoba ubwo gusahurwa n’inzu zabo zibe izo kugirwa igiharabuga+. Bazokwubaka amazu, ariko ntibazoyabamwo+; bazotera imirima y’imizabibu, ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika