8 Abo banyamibembe bashitse ku mubari wa nya kambi, baca binjira mw’ihema rimwe hanyuma batangura kurya no kunywa, maze bakurayo ifeza n’inzahabu n’impuzu baraheza baja kubinyegeza. Hanyuma baragaruka, binjira mu rindi hema hanyuma bakurayo ibintu, maze baja kubinyegeza+.