Zaburi 119:89 Bibiliya y’isi nshasha 89 Gushika igihe kitagira urugero, ewe Yehova+,Ijambo ryawe rishinzwe mu majuru+. Yesaya 46:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo+, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa+; Umwe avuga ati: ‘Impanuro yanje izorama+, kandi ibimpimbara vyose nzobikora+’; Matayo 5:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 kuko, ni ukuri, ndababwiye yuko ijuru n’isi vyopfuma bivaho+, hako hagira akadome kanzwinya na kamwe canke akavunji k’urudome na kamwe bivako mu buryo na bumwe kw’Itegeko, vyose bitabaye+. 1 Petero 1:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 mugabo ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose+.” Erega, iryo ni ryo “jambo+” mwamenyeshejwe+ ry’inkuru nziza.
10 ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo+, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa+; Umwe avuga ati: ‘Impanuro yanje izorama+, kandi ibimpimbara vyose nzobikora+’;
18 kuko, ni ukuri, ndababwiye yuko ijuru n’isi vyopfuma bivaho+, hako hagira akadome kanzwinya na kamwe canke akavunji k’urudome na kamwe bivako mu buryo na bumwe kw’Itegeko, vyose bitabaye+.
25 mugabo ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose+.” Erega, iryo ni ryo “jambo+” mwamenyeshejwe+ ry’inkuru nziza.