Yeremiya 2:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ni ikintu ikihe c’akarenganyo ba so basanze muri jewe+, ku buryo bigira kure yanje+, bakaguma bakurikira ca kigirwamana c’imburakimazi+, na bo ubwabo bagacika imburakimazi+? Hoseya 7:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ubwishime bwa Isirayeli bwaramwagirije amaso mu yandi+, yamara ntibagarutse kuri Yehova Imana yabo+, eka mbere ivyo vyose ntivyatumye bamurondera+. Mika 6:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Yemwe bantu banje+, mbega nabakoreye iki? Kandi nabaruhishije gute+? Nimunyagirize+.
5 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ni ikintu ikihe c’akarenganyo ba so basanze muri jewe+, ku buryo bigira kure yanje+, bakaguma bakurikira ca kigirwamana c’imburakimazi+, na bo ubwabo bagacika imburakimazi+?
10 Ubwishime bwa Isirayeli bwaramwagirije amaso mu yandi+, yamara ntibagarutse kuri Yehova Imana yabo+, eka mbere ivyo vyose ntivyatumye bamurondera+.