Itanguriro 32:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Ku bw’ivyo Yakobo aho hantu ahita Peniyeli*+, kuko yavuze ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, yamara ndarokoka+.” Kuvayo 33:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Yongerako ati: “Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abeho+.” Abacamanza 6:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Gideyoni atahura rero ko yari umumarayika wa Yehova+. Gideyoni aca avuga ati: “Ndagowe, Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wa Yehova amaso mu yandi+!” Abacamanza 13:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nuko rero Manowa abwira umugore wiwe ati: “Turapfa ata kabuza+, kuko Imana ari yo twabonye+.” Yohani 1:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+. Yohani 4:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.”
30 Ku bw’ivyo Yakobo aho hantu ahita Peniyeli*+, kuko yavuze ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, yamara ndarokoka+.”
22 Gideyoni atahura rero ko yari umumarayika wa Yehova+. Gideyoni aca avuga ati: “Ndagowe, Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wa Yehova amaso mu yandi+!”
18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+.