Gusubira mu vyagezwe 27:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) Yesaya 1:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+. Yakobo 1:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Insengo ityoroye+ kandi idahumanye+ ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi+ n’abapfakazi+ mu makuba yabo+, no kuguma wirinze ntutosekazwe+ n’isi+.
19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.
27 Insengo ityoroye+ kandi idahumanye+ ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi+ n’abapfakazi+ mu makuba yabo+, no kuguma wirinze ntutosekazwe+ n’isi+.