ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 36:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Banywa ibinure vyo mu nzu yawe bagahozagara+;

      Ubanywesha ku ruzi rw’isumo rw’ibinezereza vyawe+.

  • Yesaya 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ntibazosonza+, eka ntibazonyoterwa+, eka kandi ubushuhe bugatura canke izuba ntibizobakubita+. Kuko Umwe abumvira ikigongwe ari we azobayobora+, kandi azobarongōra iruhande y’imbizi z’amazi+.

  • Yeremiya 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’

  • Zakariya 13:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Kuri uwo musi+, inzu ya Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba+ ryo kubuhagira igicumuro+ be n’ikintu co kuzinukwa+.

  • Ivyahishuwe 7:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”

  • Ivyahishuwe 22:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kandi impwemu+ na wa mugeni+ biguma bivuga biti: “Ingo!” Kandi uwo wese yumva navuge ati: “Ingo+!” Kandi uwo wese anyotewe naze+; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika