46 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu c’umwansi ca kure canke ca hafi+;
7 Kuko ata bantu yari yarasigarije Yehowahazi atari abagendera ku mafarasi mirongo itanu n’imikogote cumi n’abagabo ibihumbi cumi bari ku maguru+, kubera yuko umwami wa Siriya yari yarabaranduye+, kugira ngo abagire nk’umukungugu wo ku mbuga y’ikubitiro+.