Ezekiyeli 26:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye Tiro: ‘Nihumvikana urwamo rw’ugutemba kwawe, uwakomerekejwe ibikomere vyica akaniha, hakaba ugusasika inganda hagati muri wewe, mbega amazinga ntazotigita+? Ezekiyeli 27:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Ababa mu mazinga bose+, ntibazobura kukuraba bumiwe, kandi abami babo bazobwirizwa guhinda agashitsi bari n’ikinya+. Mu maso h’abantu hazohungabana+. Ezekiyeli 28:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nayo abakuzi bose mu bisata vy’abantu, ntibazobura kukuraba bumiwe+. Uzohinduka ibica ivutu bukwi na bukwi, kandi ntuzokwongera kubaho, gushika igihe kitagira urugero+.”’”
15 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye Tiro: ‘Nihumvikana urwamo rw’ugutemba kwawe, uwakomerekejwe ibikomere vyica akaniha, hakaba ugusasika inganda hagati muri wewe, mbega amazinga ntazotigita+?
35 Ababa mu mazinga bose+, ntibazobura kukuraba bumiwe, kandi abami babo bazobwirizwa guhinda agashitsi bari n’ikinya+. Mu maso h’abantu hazohungabana+.
19 Nayo abakuzi bose mu bisata vy’abantu, ntibazobura kukuraba bumiwe+. Uzohinduka ibica ivutu bukwi na bukwi, kandi ntuzokwongera kubaho, gushika igihe kitagira urugero+.”’”