ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.

  • 2 Abami 24:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.

  • Yesaya 59:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ibirenge vyabo biguma vyirukira ikibi gusa+, kandi bihutira gusesa amaraso y’intungane+. Ivyiyumviro vyabo ni ivyiyumviro bibi+; ukunyaga n’ugusenyuka biri mu mayira yabo y’ibirari+.

  • Yeremiya 2:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.

  • Gucura intimba 4:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kubera ibicumuro vy’abahanuzi biwe, amakosa y’abaherezi biwe+,

      Hagati muri we hǎri abasesa amaraso y’abagororotsi+.

  • Matayo 23:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi+ aze kuri mwebwe, kuva ku maraso ya wa mugororotsi+ Abeli+ gushika ku maraso ya Zekariya mwene Barakiya, uwo mwagandaguriye hagati y’aheranda n’igicaniro+.

  • Ivyahishuwe 16:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, nawe ubahaye amaraso+ ngo banywe. Barabikwiriye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika