17 ‘“Ehe imisi iraje, kandi ibiri mu nzu yawe vyose+ be n’ivyo ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi bizotwarwa koko i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara+,” ni ko Yehova avuze.
13 Za nkingi+ z’umujumpu zari mu nzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca kiyaga c’umujumpu+ vyari mu nzu ya Yehova, Abakaludaya barabimenagura baraheza batwara umujumpu wavyo i Babiloni+.