ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 10:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo bene Isirayeli babwira Yehova bati: “Twaracumuye+. Nutugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+. Gusa, turakwinginze uturokore uyu musi+.”

  • 2 Ngoma 20:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 ‘Icago nicatuzako+, ari inkota canke urubanza rubi canke ikiza+ canke ikigoyi+, tuze duhagarare imbere y’iyi nzu+ n’imbere yawe (kuko izina ryawe+ riri muri iyi nzu), kugira ngo tugutabaze mu marushwa yacu, uheze wumve maze udukize+.’

  • Zaburi 78:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Igihe cose yabica, ni ko na bo babaza ivyayo+,

      Bakagaruka, bakarondera Imana+.

  • Zaburi 106:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Dukize, ewe Yehova Mana yacu+,

      Utwegeranye udukuye mu mahanga+

      Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+,

      Ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+.

  • Yesaya 26:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ewe Yehova, mu marushwa baritayeho ivyawe+; barasutse urwongoshwe rw’isengesho igihe wabatoza indero+.

  • Hoseya 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nzogenda, nisubirire ahantu hanje gushika bishuye icaha cabo+; kandi bazorondera koko mu maso hanje+. Nibaba bageze habi+, bazondondera+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika