21 Igihe nabona+ mw’isahu impuzu y’ibango iryoheye ijisho y’i Shinari+, na shekeli amajana abiri z’ifeza n’ingegene imwe y’inzahabu ipima shekeli mirongo itanu, naciye ndavyipfuza+, maze ndabitwara+; kandi ehe binyegejwe mu kuzimu hagati mw’ihema ryanje, amahera akaba ari munsi ya nya mpuzu+.”