ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.

  • 2 Abami 24:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.

  • Zaburi 106:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 Baguma bavisha amaraso y’intungane+,

      Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,

      Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+;

      Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+.

  • Yesaya 10:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 kugira ngo bahindire abantu batobato kure y’urubanza no kugira ngo banyage ubutungane abarushwa bo mu bantu banje+, kugira ngo abapfakazi bacike isahu ryabo, no kugira ngo basahure n’impfuvyi*+!

  • Yesaya 59:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ibirenge vyabo biguma vyirukira ikibi gusa+, kandi bihutira gusesa amaraso y’intungane+. Ivyiyumviro vyabo ni ivyiyumviro bibi+; ukunyaga n’ugusenyuka biri mu mayira yabo y’ibirari+.

  • Yeremiya 19:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 kubera ko bampevye+, maze aha hantu bagatangura kuhayoberanya+ no kuhafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana batari baramenye+, bo hamwe na ba sekuruza babo n’abami ba Yuda; kandi bujuje aha hantu amaraso y’abantu b’intungane+.

  • Matayo 23:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi+ aze kuri mwebwe, kuva ku maraso ya wa mugororotsi+ Abeli+ gushika ku maraso ya Zekariya mwene Barakiya, uwo mwagandaguriye hagati y’aheranda n’igicaniro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika