-
2 Abami 17:13Bibiliya y’isi nshasha
-
-
13 Yehova aguma aburira+ Isirayeli+ na Yuda+ biciye ku bahanuzi+ biwe bose no ku mubonyi+ wese, ati: “Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+ maze mugumye amabwirizwa yanje+, ivyagezwe vyanje+, mwisunze itegeko ryose+ nategetse ba sogokuruza banyu+ nkongera nkarirungikira mwebwe biciye ku basavyi banje abahanuzi+”;
-
-
Yeremiya 35:15Bibiliya y’isi nshasha
-
-
15 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose, abahanuzi+, nkazinduka nkabatuma, nti: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi+, kandi ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+, kandi ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere+. Maze mubandanye kuba ku butaka nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu+.’ Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize+.
-
-
Ezekiyeli 33:11Bibiliya y’isi nshasha
-
-
11 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira+ akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+; kubera iki none mwokwirirwa murapfa ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’
-