ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 17:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yehova aguma aburira+ Isirayeli+ na Yuda+ biciye ku bahanuzi+ biwe bose no ku mubonyi+ wese, ati: “Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+ maze mugumye amabwirizwa yanje+, ivyagezwe vyanje+, mwisunze itegeko ryose+ nategetse ba sogokuruza banyu+ nkongera nkarirungikira mwebwe biciye ku basavyi banje abahanuzi+”;

  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Yeremiya 18:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Ubu rero, ndakwinginze ubwire abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ndiko ndababumbira ivyago kandi ndiko niyumvira iciyumviro co kubagirira nabi+. Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+.”’”

  • Yeremiya 35:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose, abahanuzi+, nkazinduka nkabatuma, nti: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi+, kandi ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+, kandi ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere+. Maze mubandanye kuba ku butaka nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu+.’ Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize+.

  • Ezekiyeli 18:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “‘Nzobacira rero urubanza, umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+. ‘Nimuhindukire, ni ukuri nimurabe ukuntu muhindukira muve mu bigabitanyo vyanyu vyose+, ntihagire ikibabera igitsitaza candurutsa ikosa+.

  • Ezekiyeli 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira+ akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+; kubera iki none mwokwirirwa murapfa ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’

  • Yona 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi bambare amagunira, umuntu n’igitungwa; nibatakambire Imana bakobeje kandi bahindukire+, umwe wese ahebe inzira yiwe mbi n’ubukazi bwari buri mu maboko yabo.

  • Zakariya 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’

      “‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.

  • Malaki 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarakebeje muva ku ngingo nyobozi zanje, ntimwazigumya+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.

      Namwe mwavuze muti: “Tugaruke gute?”

  • 2 Petero 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe+, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika