Gusubira mu vyagezwe 4:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 “Nimwarondera koko Yehova Imana yawe muri hiyo, ntuzobura rero kumuronka+, kuko uzobaza ivyiwe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+. Gusubira mu vyagezwe 30:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 hanyuma ukagaruka kuri Yehova Imana yawe+ kandi ukumviriza ijwi ryiwe wisunze ivyo ndagutegetse uno musi, wewe n’abana bawe, ukabigira n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 1 Abami 8:48 Bibiliya y’isi nshasha 48 bakagaruka koko kuri wewe n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose mu gihugu c’abansi babo babatwaye ari imbohe, maze bakagusenga koko berekeje mu gihugu cabo wahaye ba sekuruza babo, igisagara watoye n’iyi nzu nubakiye izina ryawe+; Yeremiya 24:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nzobaha umutima kugira bamenye jewe+, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.
29 “Nimwarondera koko Yehova Imana yawe muri hiyo, ntuzobura rero kumuronka+, kuko uzobaza ivyiwe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+.
2 hanyuma ukagaruka kuri Yehova Imana yawe+ kandi ukumviriza ijwi ryiwe wisunze ivyo ndagutegetse uno musi, wewe n’abana bawe, ukabigira n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+,
48 bakagaruka koko kuri wewe n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose mu gihugu c’abansi babo babatwaye ari imbohe, maze bakagusenga koko berekeje mu gihugu cabo wahaye ba sekuruza babo, igisagara watoye n’iyi nzu nubakiye izina ryawe+;
7 Nzobaha umutima kugira bamenye jewe+, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.