ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 14:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Yehova yongera kumbwira ati: “Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje+. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire+. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma, ukuragura, ikintu ata co kimaze+, n’amayeri yo mu mutima wabo+.

  • Yeremiya 23:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “Sinatumye abahanuzi, yamara barirutse. Sinavuganye na bo, yamara baravuze ubuhanuzi+.

  • Yeremiya 28:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Yeremiya umuhanuzi yongera kubwira Hananiya+ umuhanuzi ati: “Ndakwinginze wumvirize, ewe Hananiya! Yehova ntiyagutumye, mugabo wewe watumye aba bantu bizigira ikinyoma+.

  • Ezekiyeli 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “‘Ko mwavuze ivy’ububeshi, mukerekwa ikinyoma, ni co gituma ngira ndabarwanye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”

  • 2 Petero 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika