Yesaya 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Iyo Yehova nyen’ingabo* ubwiwe ataba yaradusigarije abarokotse bakeyi+, tuba twaracitse nka Sodomu, tuba twarabaye nka Gomora ubwayo+. Yeremiya 23:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+. Yoweli 2:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.” Abaroma 9:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+. Abaroma 11:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye.
9 Iyo Yehova nyen’ingabo* ubwiwe ataba yaradusigarije abarokotse bakeyi+, tuba twaracitse nka Sodomu, tuba twarabaye nka Gomora ubwayo+.
3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.
32 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.”
27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+.
5 Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye.