ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Iyo Yehova nyen’ingabo* ubwiwe ataba yaradusigarije abarokotse bakeyi+, tuba twaracitse nka Sodomu, tuba twarabaye nka Gomora ubwayo+.

  • Yeremiya 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.

  • Yoweli 2:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.”

  • Abaroma 9:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+.

  • Abaroma 11:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika