9 Nuko abagabo bose ba Yuda na Benyamini bakoranira i Yeruzalemu mu misi itatu, ni ukuvuga mu kwezi kugira icenda+, ku musi ugira mirongo ibiri w’ukwo kwezi, maze abantu bose baguma bicaye mu kibanza co hanze c’inzu y’Imana y’ukuri, basusumira kubera ico kintu no kubera imvura nyinshi+.