1 Ngoma 5:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Amaherezo bafashwa kubarwanya, ku buryo Abahaguri n’abari kumwe na bo bose batangwa mu kuboko kwabo, kuko bari batabaje+ Imana muri iyo ntambara, na yo ikemera kwingingwa ku bwabo kuko bari bayizigiye+. Zaburi 37:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Niwizigire Yehova, ukore iciza+;Niwibere mw’isi, ukorane ubwizigirwa+. Zaburi 37:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Kandi Yehova azobatabara, abarokore+.Azobarokora abakure mu vyara vy’ababisha, abakize+,Kuko bahungiye muri we+. Zaburi 84:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ewe Yehova nyen’ingabo, hahiriwe umuntu akwizigira+. Yeremiya 17:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Arahezagiwe umuntu w’umugabo yizigira Yehova, Yehova akaba ari umwizero wiwe+.
20 Amaherezo bafashwa kubarwanya, ku buryo Abahaguri n’abari kumwe na bo bose batangwa mu kuboko kwabo, kuko bari batabaje+ Imana muri iyo ntambara, na yo ikemera kwingingwa ku bwabo kuko bari bayizigiye+.
40 Kandi Yehova azobatabara, abarokore+.Azobarokora abakure mu vyara vy’ababisha, abakize+,Kuko bahungiye muri we+.