ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 13:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Mwene wanyu, mwene nyoko wawe, canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe canke umugore wawe ukunda cane canke umugenzi wawe pfampfe+, niyagerageza kuguhendahenda mu mpisho, ngo: ‘Tugende dukorere izindi mana+,’ izo utamenye yaba wewe canke ba sogokuruza bawe,

  • Gusubira mu vyagezwe 29:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Baragiye rero, bakorera izindi mana bongera barazunamira, imana batari baramenye, kandi atari yarabageze+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Bashikanira ibimazi amadayimoni*, ntibabishikanira Imana+,

      Babishikanira imana batari baramenye+,

      Imana nshasha zije vuba+,

      Izo ba sogokuruza banyu batari bazi.

  • Yeremiya 19:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 kubera ko bampevye+, maze aha hantu bagatangura kuhayoberanya+ no kuhafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana batari baramenye+, bo hamwe na ba sekuruza babo n’abami ba Yuda; kandi bujuje aha hantu amaraso y’abantu b’intungane+.

  • Yeremiya 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze bazovuga bati: “Ni kubera yuko bataye isezerano rya Yehova Imana yabo+, bagatangura kwunamira izindi mana no kuzikorera+.”’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika