9 Maze bazovuga ata kabuza bati: ‘Ni kubera ko bahevye Yehova Imana yabo yari yarakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri+, bagatangura kwifatanya n’izindi mana+, bakazunamira bakazikorera. Ni co catumye Yehova abazanako ibi vyago vyose+.’”
18 Mbega ukwo si ko ba sogokuruza banyu bakoze+, bigatuma Imana yacu iduteza ibi vyago vyose+, ikabiteza n’iki gisagara? Yamara muriko mwongereza ishavu rirurumbira Isirayeli mu guhumanya isabato+.”
11 Abo muri Isirayeli bose barahonyanze itegeko ryawe; twarakebeje mu kutagamburukira ijwi ryawe+, bituma udusukako wa muvumo na ya ndahiro+ yanditswe mw’itegeko rya Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, kuko twayicumuyeko.