10 Raba ngushinze igikorwa uyu musi co kuba hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami+, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure+, wubake kandi uteragire+.”
15 Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli ambwiye: “Tora iki gikombe c’umuvinyu w’ubushangashirwe mu kuboko kwanje, maze ukinyweshe amahanga yose ngutumyeko+.