ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 33:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nta mwami akizwa n’ubwinshi bw’inteko za gisirikare+;

      Umunyenkomezi ubwiwe ntarokorwa n’ubwinshi bw’ububasha+.

  • Imigani 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.

  • Imigani 15:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Inzu y’abinantaza Yehova azoyisambura+, mugabo azoshinga urubibe rw’umupfakazi+.

  • Umusiguzi 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Narahindukiye, mbona munsi y’izuba yuko abanyarutsi atari bo bene gutsinda isiganwa+, n’abanyenkomezi ko atari bo bene gutsinda urugamba+, eka n’inkerebutsi ko atari zo zene kugira ibifungurwa+, eka n’abazi ubwenge ko atari bo bene kugira ubutunzi+, mbere n’abafise ubumenyi ko atari bo bene kugira ubutoni+; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose+.

  • Yesaya 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kuko ari umusi wa Yehova nyen’ingabo+. Uri ku muntu wese yinantaza kandi yishira hejuru, no ku muntu wese ari hejuru canke ari hasi+;

  • Yesaya 16:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Twarumvise ubwishime bwa Mowabu, yuko yishima cane+; ubwibone bwiwe n’ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+—amajambo yiwe agaragara si ko azomera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika