ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Abantu bahagaritse umutima+. Ukwigonyonzora be n’ububabare bwo kwibaruka birabacakiye; bafise ububabare bw’ibise nk’umugore ariko yibaruka+. Bararabana bumiwe. Mu maso habo haratukuriye+.

  • Yesaya 21:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ni co gituma amafyinga yanje yuzuye ububabare bukaze+. Ukwigonyonzora kurancakiye, nk’ukwigonyonzora kw’umugore ariko yibaruka+. Nātaye umutwe ku buryo ntumva; nahagaritse umutima ku buryo ntabona.

  • Yeremiya 49:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Raba! Umuntu azoduga nk’inkona maze ashunguruke kunyakura ikintu+, kandi azosanza amababa yiwe hejuru ya Bozira+; kuri uwo musi umutima w’abagabo b’abanyenkomezi ba Edomu uzoba koko nk’umutima w’umugore afashwe n’ububabare mu gihe c’ukwibaruka+.”

  • Mika 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Kubera iki none uguma uvuza induru n’ijwi rirenga+? Mbega nta mwami ari muri wewe, canke na ho umujanama wawe yoba yapfuye, ko wafashwe n’ububabare nk’ubw’umugore ariko yibaruka+?

  • 1 Abatesalonika 5:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Igihe bazoba+ bavuga ngo: “Amahoro+ n’umutekano!” ni ho agatikizo+ ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze+; kandi ntibazogenda barusimvye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika