ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 no kugira ntuhave uraramurira amaso yawe mu majuru ukabona koko izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ingabo zose zo mu majuru, maze vy’ukuri ukaryosharyoshwa ukavyunamira, ukabikorera+, ivyo Yehova Imana yawe yagabanganirije ibisata vy’abantu vyose munsi y’amajuru iyo ava akagera+.

  • Gusubira mu vyagezwe 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 maze akagenda agasenga izindi mana kandi akazunamira, canke akunamira izuba canke ukwezi canke ingabo zose zo mu majuru+, ikintu ntategetse+,

  • 2 Abami 17:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nuko baguma baheba amabwirizwa+ yose ya Yehova Imana yabo hanyuma batangura kwihingurira ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe+, inyana zibiri+, no guhingura igikingi ceranda+, maze batangura kwunamira ingabo zose zo mu majuru+ no gukorera Bayali+;

  • 2 Abami 21:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Asubira rero kwubaka ibibanza bikirurutse Hezekiya se wiwe yari yararanduye+, kandi ashingira ibicaniro Bayali yongera akora igikingi ceranda, nk’uko Ahabu+ umwami wa Isirayeli yari yaragize; atangura kwunamira+ ingabo zose zo mu majuru+ no kuzikorera+.

  • Yeremiya 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Mbega mwokwiba+, mukica+, mukarenga ibigo+, mukarahira ibinyoma+, mugafumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali+ kandi mugakurikira izindi mana mutamenye+,

  • Yeremiya 19:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi amazu ya Yeruzalemu n’amazu y’abami ba Yuda azoba koko nka Tofeti+, abe ayahumanye, ni ukuvuga, amazu yose bahora bafumbishiriza ku bisenge vyayo umwotsi w’ibimazi, bawufumbishirije ingabo zose zo mu majuru+ bakongera bakahasukira izindi mana amashikanwa y’ikinyobwa+.’”

  • Zefaniya 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 be n’abunamira ingabo zo mu majuru bibereye ku bisenge+, n’abunama+ bakarahira indahiro Yehova+ bakongera bakarahira indahiro bazirahira Malikamu+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika