ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Uzoresha umugore, uwundi mugabo amushurashuze ku nguvu+. Uzokwubaka inzu, ariko ntuzoyibamwo+. Uzotera umurima w’imizabibu, ariko ntuzonatangura kuwikorako+.

  • Yeremiya 6:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Amazu yabo azohabwa koko abandi ngo bayigabire, amatongo n’abagore icarimwe+. Kuko nzobangurira ukuboko kwanje ababa mu gihugu,” ni ko Yehova avuze+.

  • Amosi 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ku bw’ivyo rero, ko mwaka umuntu mutoyi indishi yo gukōta umurima, mukaguma mumutwara intete bwa kibuguro+, mwariyubakiye amazu y’amabuye abajwe+, mugabo ntimuzoguma muyabamwo; mwaritereye imirima myizamyiza y’imizabibu, mugabo ntimuzoguma munywa umuvinyu wayo+.

  • Zefaniya 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi ubutunzi bwabo buzoba ubwo gusahurwa n’inzu zabo zibe izo kugirwa igiharabuga+. Bazokwubaka amazu, ariko ntibazoyabamwo+; bazotera imirima y’imizabibu, ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika