11 Ku bw’ivyo rero, ko mwaka umuntu mutoyi indishi yo gukōta umurima, mukaguma mumutwara intete bwa kibuguro+, mwariyubakiye amazu y’amabuye abajwe+, mugabo ntimuzoguma muyabamwo; mwaritereye imirima myizamyiza y’imizabibu, mugabo ntimuzoguma munywa umuvinyu wayo+.