31 Bazoza iwawe, nk’uko abantu baza, bicare imbere yawe nk’abantu banje+; kandi bazokwumva koko amajambo yawe mugabo ntibazoyashira mu ngiro+, kuko baserurisha akanwa kabo ivyipfuzo vy’inambu, kandi inyungu y’akarenganyo ni yo umutima wabo ugenda ukurikira+.