ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 56:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mbere ni imbwa z’ameru akaze+; ntibamenye guhaga ico ari co+. Vyongeye, ni abungere batamenye gutegera+. Bose uko bangana barahindukiye bagana inzira yabo bwite, umwe wese akarondera inyungu yiwe y’akarenganyo ku mupaka wiwe bwite+:

  • Yeremiya 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Kuko kuva ku mutoyi muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi muri bo, bose bironderera inyungu y’akarenganyo+; kandi kuva ku muhanuzi gushika no ku muherezi, bose bakorana ububeshi+.

  • Ezekiyeli 33:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Bazoza iwawe, nk’uko abantu baza, bicare imbere yawe nk’abantu banje+; kandi bazokwumva koko amajambo yawe mugabo ntibazoyashira mu ngiro+, kuko baserurisha akanwa kabo ivyipfuzo vy’inambu, kandi inyungu y’akarenganyo ni yo umutima wabo ugenda ukurikira+.

  • Mika 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.”

  • Tito 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni nkenerwa kubazivya iminwa, kuko abo bantu nyene baguma batembagaza ingo uko zakabaye+, mu kwigisha ivyo batabwirizwa kwigisha, kugira baronke inyungu mbi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika