ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Gutyo, kuri uyo musi Yehova akiza Isirayeli ayikura mu kuboko kw’Abanyamisiri+, Isirayeli na yo iribonera Abanyamisiri bapfuye, ku nkengera y’ikiyaga+.

  • Abacamanza 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Gideyoni aca amubwira ati: “Ntunga mukama wanje, mugabo nimba Yehova ari kumwe natwe, kubera iki none ibi vyose vyadushikiye+, kandi biri hehe vya bikorwa vy’agatangaza+ vyiwe vyose ba data batwiganiye+, bati: ‘None mu Misiri si ho Yehova yatuduganye adukuye+?’ None ubu Yehova yaradutaye+, adutanga mu kiganza ca Midiyani.”

  • Yesaya 63:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Maze batangura kwibuka imisi ya kera, na Musa umusavyi wiwe, ngo: “Ari hehe Umwe yabadugana abakuye mu kiyaga+ hamwe n’abungere b’umukuku wiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe+?

  • Hoseya 13:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Mugabo jewe ndi Yehova Imana yawe kuva igihe wava mu gihugu ca Misiri+, kandi nta yindi Mana wari uzi kiretse jewe; nta wundi mukiza yariho atari jewe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika