Zaburi 99:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mu nkomezi z’umwami, yakunze ubutungane+.Ni wewe washimangiye ukugororoka+.Uguca imanza be n’ubugororotsi muri Yakobo, ni vyo washikije+. Hoseya 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+. Mika 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+? Mika 7:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ni iyihe Mana imeze nkawe+, iharira ikosa ikirengagiza ukugabitanya+ kw’amasigarira y’intoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe bidahera, kuko uhimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+.
4 Mu nkomezi z’umwami, yakunze ubutungane+.Ni wewe washimangiye ukugororoka+.Uguca imanza be n’ubugororotsi muri Yakobo, ni vyo washikije+.
6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?
18 Ni iyihe Mana imeze nkawe+, iharira ikosa ikirengagiza ukugabitanya+ kw’amasigarira y’intoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe bidahera, kuko uhimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+.