Abalewi 26:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kandi nzobwirizwa kuvuna ubwishime bw’inkomezi zanyu, nongere ntume amajuru yanyu amera nk’icuma+, n’isi yanyu nk’umujumpu. Imigani 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+. Zefaniya 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuri uwo musi ntuzomaramara kubera ibikorwa vyawe vyose wangabitanijeko+, kuko ico gihe nzokura hagati muri wewe abantu bawe bigina n’ubwibone n’akantu+; kandi ntuzopfa usubiye kugira ubwibone ku musozi wanje mweranda+. Luka 18:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi+ kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru+.” Yakobo 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.” 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
19 Kandi nzobwirizwa kuvuna ubwishime bw’inkomezi zanyu, nongere ntume amajuru yanyu amera nk’icuma+, n’isi yanyu nk’umujumpu.
11 Kuri uwo musi ntuzomaramara kubera ibikorwa vyawe vyose wangabitanijeko+, kuko ico gihe nzokura hagati muri wewe abantu bawe bigina n’ubwibone n’akantu+; kandi ntuzopfa usubiye kugira ubwibone ku musozi wanje mweranda+.
14 Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi+ kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru+.”
6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.