2 Nuko Hezekiya atangura kunezerwa kubera bo+ no kubereka inzu y’itunga yiwe+, ifeza n’inzahabu n’amavuta y’umusomozo+ n’amavuta meza n’ububiko bw’ibirwanisho bwiwe bwose+ n’ibintu vyose vyari mu matunga yiwe. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe+ no mu nganji yiwe yose+.