Zaburi 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ababisha ntibameze gutyo,Ahubwo bameze nk’umuguruka ugururwa n’umuyaga+. Yeremiya 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ico gihe bazobwira aba bantu na Yeruzalemu bati: “Hari umuyaga ukaze wo mu minyuro inoze uca mu gahinga+ uriko ugenda ugana umukobwa w’igisata canje+; si uwo kugosora, canke uwo gutyorora intete. Hoseya 13:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ni co gituma bazoba nk’ibicu vyo mu gitondo+ bongere babe nk’ikime gikamangana kare; bazoba nk’umuguruka uvumbuwe n’ikirura ukava ku mbuga y’ikubitiro+, babe kandi nk’umwotsi ufumbukana mu ntoboro y’igisenge.
11 Ico gihe bazobwira aba bantu na Yeruzalemu bati: “Hari umuyaga ukaze wo mu minyuro inoze uca mu gahinga+ uriko ugenda ugana umukobwa w’igisata canje+; si uwo kugosora, canke uwo gutyorora intete.
3 Ni co gituma bazoba nk’ibicu vyo mu gitondo+ bongere babe nk’ikime gikamangana kare; bazoba nk’umuguruka uvumbuwe n’ikirura ukava ku mbuga y’ikubitiro+, babe kandi nk’umwotsi ufumbukana mu ntoboro y’igisenge.