ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 30:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 abafata inzira ngo bamanuke mu Misiri+ kandi batasiguje akanwa kanje+, ngo bikinge igihome gikomeye ca Farawo no kugira ngo bahungire mu gitutu ca Misiri+!

  • Yesaya 31:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+, abishimira amafarasi gusa+, bagashira ivyizigiro vyabo mu mikogote y’intambara+, kuko ari myinshi, no mu mafarasi y’imbangutsi, kuko ari ay’inkomezi nyinshi, mugabo batahanze amaso wa Mweranda wa Isirayeli kandi ntibarondere Yehova ubwiwe+.

  • Gucura intimba 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Misiri+ twayayiye amaboko+; twayiye amaboko Ashuri+ kugira duhage umukate.

  • Ezekiyeli 16:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Uraheza ugirana ubumaraya na bene Misiri+, ababanyi bawe b’umubiri munini+, ubandanya kugwiza ubumaraya bwawe kugira ngo untere umwikomo.

  • Ezekiyeli 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo amaherezo aramugarariza+ mu gutuma intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo imuhe amafarasi+ be n’igisata c’abantu isinzi. Mbega azororanirwa? Mbega azocika kw’icumu, uwukora ivyo kandi akaba yarenze isezerano? Mbega vy’ukuri azocika kw’icumu+?’

  • Ezekiyeli 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nuko batangura kugira ubumaraya mu Misiri+. Mu buto bwabo bakoze ubumaraya+. Aho ni ho amabere yabo yafyondewe+, kandi aho ni ho bagumbiririye ibikiriza vy’ubusugi bwabo.

  • 2 Abakorinto 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ntimuboherwe ku ngǒgo* hamwe n’abatemera+ kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika